Kubamenya neza

Isôko ryegereza umwenegihugu ubutegetsi. Murisanganwo amafishi y'inzandiko zikenerwa kuzuzwa hamwe n'insiguro zose zikenewe ku wipfuza kwitura inzego z'intwaro.

Ijambo ry'intangamarara ry'Umushikiranganji w'Abakozi ba Reta n'AkaziDomine Banyankimbona, Umushikiranganji w'Abakozi ba Reta n'Akazi

Bwisunze ububasha bwahawe bw'ugutunganya Umugambi w'igihugu wo guhinyanyura indinganizo y'intwaro (PNRA), Ubushikiranganji bw'Abakozi ba Reta n'Akazi bwiyemeje kurangura ibishoboka vyose kugira intwaro ibe iy'akarorero, itunganirize bose kandi ibe iy'umwenegihugu koko. Ivyo na vyo bizorangukira mw'ishirwa mu ngiro ry'ibikorwa mirongo itatu na bitanu vy'uwo mugambi. Ni muri iyo ntumbero, bufadikanije n'Umugambi w'Ishirahamwe Mpuzamakungu ujejwe Iterambere (PNUD), ubwo bushikiranganji bwatanguje ibikorwa vy'ugutegura no gutunganya urubuga ngurukanamumenyi rutanga amakuru yose akenewe ku bisabwa mu ntwaro. Urwo rubuga rufise intumbero yo gushikiriza umwenegihugu amakuru yose akenewe kugira yoroherwe mu gusaba ivyo akenera kurangurirwa n'ibisata bitandukanye vy'intwaro, akamenya inzira akwiye gucamwo n'inzandiko zose zisabwa. Rwatunganijwe kugira rworohereze umwenegihugu mu kuronka amakuru akeneye, rumufashe kugwanya ubujuju kandi rumwegereze ubutegetsi. Hanyuma kandi, uru rubuga rutanga akaryo ko gusasagaza intwaro ibereye, bigatuma umwenegihugu atunganirizwa neza gusumba. Uru rubuga ni intambwe ihambaye mu buryo umunyagihugu azokwama aronka akarusho gaturutse ku kuntu intwaro ija iritunganya neza kurusha ku neza y'abenegihugu. Ikizoba gisigaye ni uko ibista vy'intwaro vyose birugira urwavyo koko, bikama birushirako amakuru agezweho mu gihe cose hoba hari icahindutse. Ubushikiranganji w'Abakozi ba Reta n'Akazi butumiye Inzego zose z'Ubutegetsi kugira uru rubuga urwazo kugira ruzifashe gusasagaza intwaro ibereye kandi ishikira neza umwenegihugu.

Ijambo ry'intangamarara ry'Umushikiranganji w'Abakozi ba Reta n'Akazi

Représentante Résidente du PNUDNicole Kouassi, Représentante Résidente du PNUD

Le portail ISOKO, d’information et d’aiguillonnement des citoyens sur l’accès aux services administratifs et judiciaires est d’une grande portée dans la consolidation du pouvoir citoyen vis-à-vis de l’Administration publique. En indiquant le détail des procédures les plus utilisées par les citoyens, notamment en Kirundi, y compris les délais, les étapes à suivre, les pièces à fournir, les frais exigés, les motifs de rejets, les bases légales, etc. le portail constitue aussi l’expression de la promesse de l’admiration vis-à-vis des citoyens, qui informés, peuvent agir en partenaires coopératifs et en usagers exigeants. Mais au-delà du service aux usagers, le portail est un pas important vers l’administration électronique qui est la voie privilégiée pour réduire la consommation du papier et donc réduire l’impact de l’action publique sur le changement climatique et pour protéger les personnes contre des phénomènes comme le COVID- 19. Le PNUD est heureux d’avoir soutenu cette initiative du Gouvernement et appelle les autres partenaires à approfondir ensemble ce qui n’est que le début d’un long voyage vers le e-gouvernement au Burundi.

Représentante Résidente du PNUD