U
-
Uguhingura
Uguhingura ni uburyo bukoreshwa mu guhingura ubutare canke ivyuma butuma haboneka ubutare bushobora kudandazwa buvuye mu vyacukuwe;
-
Uguhingura ikintu mu butare
Uguhingura ikintu mu butare ni uburyo bukoreshwa mu mahinguriro mu guhindura imero y’ubutare n’uko ubutare bwahinguwe bwari busanzwe bumeze bugahingurwamwo ibishoka bikoreshwa canke ibibanza gusubira guhingurwa kugira bidandazwe
-
Urugero rw’ubutare rugereranywa ku gace gatoyi katowe mu tundi
Urugero rw’ubutare rugereranywa ku gace gatoyi katowe mu tundi ni urugero rw’ubutare buri ahanaka hatowe mu handi, hafatiwe ku karusho ubutare bucukurwa buzana mu butunzi, kugira hatorwe ubutare ngirakamaro canke hashingwe uturimbi tw’uturere twocukurwamwo ubutare
-
Urugero rw’ubutare rufatiye ku kugene bucukurwa
Urugero rw’ubutare rufatiye ku kugene bucukurwa ni urugero rugereranywa rw’ubutare ngirakamaro hafatiwe ku ngorane zisanzwe z’ukubucukura, na canecane uburinganire bw’aho ibikorwa vy’ugucukura ubutare birangurirwa
-
Urugero rw’ubutare buri mu gataka
Urugero rw’ubutare buri mu gataka ni urugero rw’ubutare ngirakamaro rugereranywa hafatiwe gusa ku biharuro bizwi bijanye n’agataka, muri rusangi rukagereranywa hafatiwe ku duce dutoduto tw’agataka dufatirwako akarorero nk’ukwimbagura mu kugira ubushakashatsi kandi hafatiwe ku rugero rw’ubutare rugereranywa ku gace gatoyi gafatirwako akarorero hakoreshejwe uburyo bw’ugutomboza
-
Urugero rw’ubutare
Urugero rw’ubutare ni igitigiri gihuye n’uburemere bw’ubutare bugabuwe n’uburiba bwose bw’igitandara kirimwo ubwo butare. Hariho urugero rw’ubutare ku bicukurwa vyumutse, mu gihe uburemere bw’ibipimwa butaba burimwo amazi hakaba n’urugero rw’ubutare kama mu gihe ibicukurwa bipimwa uko bisanzwe biri
-
Ubutare canke amakariyeri
Ubutare canke amakariyeri ni amatungo kama ari mu kuzimu afise imero y’ibinyigimbe canke bimeze nk’utubuyenge biri mu mero igumye, bimeze nk’ibitemba canke nk’imyuka hamwe n’ibisigarira vy’ibinyabuzima vyabongereye mu kuzimu n’ibibanza birimwo amashuha
-
Ubutare bw’agaciro
Ubutare bw’agaciro ni ubutare bugizwe n’ivyuma vy’agaciro, amabuye y’agaciro, amabuye yikuyengeje
-
Uwukorera uwundi ibikorwa bimwebimwe
Uwukorera uwundi ibikorwa bimwebimwe ni umuntu wese canke ishirahamwe ryose rirangura igikorwa canke ibikorwa kw’izina no ku nyungu ry’uwufise urwandiko rutanga uburenganzira bw’ukugira ubushakashatsi canke ubw’ugucukura ubutare canke amakariyeri. Ivyo bikorwa ni nk’ibi : - ibikorwa vy’ukwiga ibigize ubutaka, ivyigwa vy’ubutare bukwiragiye mu butaka, ivy’ukwimba mu ntumbero y’ugutata, ukugira ubushakashatsi, n’ugucukura ubutare ; - ukwubaka inyubakwa z’ihinguriro, iz’ubuyobozi n’izerekeye imibano n’imico kama : amabarabara, amahinguriro, ibiro, ahaba abakozi, imangazini nini, amavuriro, ibibanza vy’ukwinezererezamwo, ahakurwa amazi n’amatara bikenerwa mu gucukura no guhingura ubutare ; - ibikorwa vy’ukwimba ubutare, ivy’ukubwunguruza n’ukubushingura hamwe n’ivy’ukubuhingura ; - ibikorwa vy’ugusuzuma n’ivyo kubuhingura
-
Ubutare butaracukurwa bukaba bwaremejwe ko buhari
Ubutare butaracukurwa bukaba bwaremejwe ko buhari ni igice c’ikibanza gishobora gucukurwamwo amatungo ava mu gataka yapimwe bikazana akarusho mu vy’ubutunzi, bikaba vyerekanywe n’icigwa cerekana ko umugambi wo kuhacukura ubutare ushobora kurangurwa; ico cigwa gitegerezwa kuba kirimwo ibikeneye kumenyekana bijanye n’ugucukura ubutare, ukubuhingura, uguhingura ivyuma, ibijanye n’ubutunzi n’ibindi bifatirwako mu vy’ubutunzi vyerekana neza ko bishoboka ko icukurwa ry’ubwo butare ryozana akarusho mu gihe icegeranyo cerekeye ico cigwa kiba kiriko kirandikwa
-
Ubutare bushobora kuba buhari butaracukurwa
Ubutare bushobora kuba buhari butaracukurwa ni igice c’ikibanza gishobora gucukurwamwo amatungo ava mu gataka yerekanywe ayo ari yo, kandi mu bihe bimwebimwe, amatungo yapimwe akiri mu gataka, bikaba vyerekanywe n’imiburiburi n’icigwa c’intangamarara cerekana ko umugambi wo kuhacukura ubutare ushobora kurangurwa; ico cigwa gitegerezwa kuba kirimwo ibikeneye kumenyekana bijanye n’ugucukura ubutare, ukubuhingura, uguhingura ivyuma, ibijanye n’ubutunzi n’ibindi bifatirwako mu vy’ubutunzi vyerekana neza ko bishoboka ko icukurwa ry’ubwo butare ryozana akarusho mu gihe icegeranyo cerekeye ico cigwa kiba kiriko kirandikwa
-
Ubutare butaracukurwa
Ubutare butaracukurwa ni urugero rw’ubutare buharugwa mu matoni hisunzwe agaciro kabwo bushobora kwimbwa bukazana akarusho, bugashobora gucukurwa hisunzwe amategeko kandi biboneka ko harimwo inyungu bivanye n’ivyigwa vy’ugupima ko ugucukura ubwo butare bishoboka hisunzwe ingene isoko ry’ubutare ryifashe
-
Ubushakashatsi
Ubushakashatsi ni ibikorwa vy’ukurondera ubutare bigirwa hejuru ku gataka canke mu kuzimu hamwe n’ivyigwa vyerekeye ubumenyi, ubuhinga n’ubutunzi, bigirwa kugira herekanwe ibimenyetso biranga ahari ubutare bibandanya vyibonekeza canke ko aho hantu hari ubutare bwinshi, mu ntumbero y’ukwemeza ko ivyo bimenyetso bibandanya canke ko hari ubutare ngirakamaro bwinshi hagaca hemezwa ko hari ibibanza kama birimwo ubutare ngirakamaro canke ko ivyo bibanza biza biraguka n’ukwerekana inyungu ziva muri ivyo bibanza vyatomowe n’ukugereranya ingene ubutare bungana muri ivyo bibanza, n’ivyokenerwa kugira ubwo butare bucukurwe, agaciro kabwo n’ingene bwokoreshwa mu mahinguriro, hagaheza hagafatwa ingingo ko ubutare ngirakamaro bushobora gucukurwa
-
Ugutata ahari ubutare
Ugutata ahari ubutare ni ukuronderera hejuru canke munsi y’agataka gushika aho bimba ibishimu, hakoreshejwe uburyo bw’ukwiga ibigize ubutaka n’ivyigwa vy’ubutare bukwiragiye mu butaka bigirwa mu ntumbero yo kwubura ibimenyetso vy’ahari ubutare canke ahari ubutare bwinshi mu ntumbero y’ukwongereza ubumenyi canke ubutunzi
-
Ubushikiranganji
Ubushikiranganji ni ibisata vy’Ubushikiranganji bijejwe ubutare n’amakariyeri n’ubuzi bukukira ivyo bisatabwegerejwe abanyagihugu
-
Umushikiranganji
Umushikiranganji ni Umushikiranganji ajejwe ubutare n’amakariyeri
-
Ubutare
Ubutare ni ibintu biva mu kibanza kirimwo ubutare ngirakamaro canke igitandara cose kirimwo ubutare bw’ubwoko bumwe canke bwinshi burimwo ivya shimi vy’ubwoko bumwe canke bwinshi kandi bufise agaciro mu vy’ubutunzi
-
Ubutare bugizwe n’ubwoko bwinshi
Ubutare bugizwe n’ubwoko bwinshi ni ubutare buva mu kibanza kirimwo ubutare ngirakamaro bugizwe n’ubwoko bwinshi bw’ubutare bufise agaciro bugashobora gucukurwa
-
Ubutare bugoye
Ubutare bugoye ni ubutare butoroshe guhingura
-
Ubwoko bw’ivyuma bugwiriye
Ubwoko bw’ivyuma bugwiriye ni ubwoko bw’ivyuma bukunda kuboneka ku bwinshi mw’isi gusumba ubwoko bw’ivyuma vy’agaciro kanini
-
Ubwoko bw’icumac’agaciro kanini
Ubwoko bw’icumac’agaciro kanini ni ubwoko bw’icuma c’agaciro kanini ku masoko kandi budahuta buraboneka mw’isi
-
UB
Kaminuza y’Uburundi
-
-
UFP
Ukwiha ububasha bujanye n’akazi ka Leta
-
UD
Uguhanahana ibidandazwa harihishijwe amatagisi yumvikanyweko
-
UF
Ugukoresha urwandiko rw’ibinyoma
-
UNICEF
Ishirahamwe Mpuzamakungu ryiataho ineza y’ibibondo
-
UE
Ubulaya Bwunzubumwe
-
UPU
Ishirahamwe rihuza amaposita yo kw’isi yose
-
UNESCO
Ishirahamwe Mpuzamakungu rya ONU ryitaho Indero, Ubumenyi n’imico kama
-
USAID
Ishirahamwe rya Leta zunz’Ubumwe za Amarika ryitaho Itermbera kw’isi yose
-
UA
Ubumwe bwa Afrika
-
UEMOA
Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika y’Uburengero bitunganiriza hamwe ivy’ubutunzi rigakoresha ifaranga rimwe
-
UCODE
Ishirahamwe ry’ugufashanya n’iterambere
-
USD
Idolari ry’amanyamerika