Kubamenya neza

Umuhinga, Umunyamahanga, Uwo wese

Igisata gupima amatongo/Igisata kijejwe ibisagara

Uruhusha rw’ukuriha amafaranga y’ugutunganya ibibanza vy’ukwubakwamwo

Kuronka urwo ruhusha, ni intambwe mu bijanye n’ugusaba ikibanza mu Buyobozi Bukuru Bujejwe Itunganywa ry’Ibisagara n’Uburaro. Urwo ruhusha rurekura kuriha amafaranga asabwa, gutyo ugaca uronka ikibanza.

Ni nde vyerekeye?

Umuntu wese asaba ikibanza mu Buyobozi Bukuru Bujejwe Itunganywa ry’Ibisagara n’Uburaro

Ikiringo c’ukwihweza iminsi 5

Amafaranga yo kuriha Amafaranga urwubako ruzotwara uyagwije na bitandatu vy'igihumbi

Ikibanza bishikirizwamwo Ibiro bimwe rudende bitangirwamwo uruhusha rw'ukwubaka / Ibiro biserukira Ubuyobozi bukuru bujejwe itunganywa ry'ibisagara n'uburaro mu Ntara

Igisabwa mu biringo 4

1. Kwandikira Ubuyobozi Bujejwe Itunganywa ry’Ibisagara n’Uburaro, usaba ikibanza
2. Ubuyobozi burakwemerera kuzokuronsa ikibanza wasavye mu gihe urishe amafaranga y’ugutunganya ibibanza, bukagutomorera igitigiri c’amafaranga arihwa. Urwo rwandiko ni rwo rwitwa ”Uruhusha rw’ukuriha amafaranga y’ugutunganya ibibanza vy’ukwubakwamwo
3. Umaze kuronka urwo ruhusha, uca uja mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu kuriha ayo amafaranga y’ugutunganya ibibanza vy’ukwubakwamwo
4. Kujana urupapuro warihiyeko mu Buyobozi Bujejwe itunganywa ry’ibisagara n’Uburaro kugira baguhe Ikete rimenyesha ko umuntu yaronse ikibanza.

Inzandiko zisabwa

Nta bitomoye naronse