Kubamenya neza

Umunyamahanga, Uwo wese

Ubutungane

Iyimuriro y’Ifishi y’ivyaha umuntu yahaniwe

Igisata kibitungana: Police Judiciare

Iyimuriro y’Ifishi y’ivyaha umuntu yahaniwe, ihabwa umuntu aba mu gihugu atarigera yagirwa n’icaha gikwiriye igihano cokwandikwa kw’ifishi y’ivyaha
Uwusaba iyimuriro y’Ifishi y’ivyaha umuntu yahaniwe, arashobora gutuma uwundi.
Ifishi y’umuntu irashobora kuba iriko ivyaha canke atabiriko; Ifishi y’ivyaha umuntu yahaniwe igaragara, ihabwa umuntu atarigera yagirwa n’icaha kironka igihano cokwandikwa kw’ifishi yiwe.

Ni nde vyerekeye?

Uwo wese aba mu Burundi, harimwo n’abanyamahanga

Ikiringo c’ukwihweza umunsi 1 gushika ku minsi 3

Amafaranga yo kuriha 1000 FBU

Ikibanza bishikirizwamwo Ibiro bimwe rudende vy'intara/Igipolisi c'Inyamiramabi

Igisabwa mu biringo 3

  1. Urishikira ku gisata kijejwe amafishi y’ivyaha
  2. Uruzuriza ngaho urupapuro rw’umwidondoro
  3. Igisata kiraraba kw’ifishi ko ata vyaha woba warakaze muri kahise. Mugihe hari ivyaha wakoze, uhabwa iyimuriro y’ifishi yerekana ivyo vyaha wakoze
* Bivuye ku gitigiri c’abaje gusaba, urashobora kumara umunsi wose

Inzandiko zisabwa

Ku Barundi:

  1. Ikarata karangamuntu
  2. Ifoto ngufi
  3. Icemezo c’uko warishe muri OBR

1. Igitabo c’inzira kirimwo uruhusha rwo kwinjira rukiri mu gihe
2. ifoto ngufi
3. Icemezo c’uko warishe muri OBR

Ifishi y'ivyaha umuntu yahaniwe irashobora ku iriko ivyaha canke igaragara
Mu gihe Ifishi iriko ivyaha, witura ubutungane, bgaheza bukemeza uko urubanza rwagenze. Mu gihe rwoba rwaheze ata nkurikizi canke warutsinze, baca bahidura ibiri kw'ifishi .
Ibwirizwa inomero 1/10 ryo kuwa 03 Ndamukiza umwaka w'i 2013 rishinga isubirwamwo ry'Igitabo c'Amategeko yerekeye ingene Imanza z'Ivyaha zitohozwa, ziburanishwa, zicibwa n'ingene zikurikizwa (kuva ku Ngingo ya 272 gushika kuya 277)
Ibwirizwa inomero 1/08 ryo kuwa 17 Ntwarante umwaka w'i 2005 rishinga itunganywa n'ububasha bw'amasentare (ingingo y'i 145)
Ibwirizwa inomero 1/023 ryo kuwa 30 Kigarama umwaka w'i 2004 rishinga imirimo y'Urwego rw'Igipolisi c'Uburundi
Itegeko ry'Umukuru w'Igihugu inomero 100/298 ryo kuwa 21 Munyonyo umwaka w'i 2011 rishinga itunganywa ry'Urwego rw'Igipolisi c'Uburundi
Itegeko ry'Umukuru w'Igihugu inomero 100/18 ryo kuwa 17 Ruhuhuma umwaka w'i 2011 rishinga itunganywa ry'Urwego rw'Igipolisi c'Uburundi
Itegeko ry'Umukuru w'Igihugu inomero 100/321 ryo kuwa 20 Munyonyo Umwaka w'i 2007 rishinga ihinyanyurwa mu ngingo zimwe zimwe z' Itegeko inomero 100/276 ryo kuwa 27 Nyakanga Umwaka w'i 2007 rishinga itunganywa ry'Ubuyobozi Bukuru bw'Igipolisi c'Uburundi
Itegeko inomero 100/276 ryo kuwa 27 Nyakanga Umwaka w'i 2007 rishinga itunganywa ry'Ubuyobozi Bukuru bw'Igipolisi c'Uburundi
Amasezerano/Umwumvikano hagati y'Igipolisi Mpanavyaha n'Ubushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mu Gihugu n'Inyigisho zUgukundisha igihugu, kugira horoshwe ibisabwa mu guha ububasha Umukuru w'Intara, vyumvikana ko na vya biro birihirwako mu Ntara