Kubamenya neza

Uwo wese

Inyigisho

Urwandiko rwo gusubiza mw’ishule n’ukwimura abanyeshule hagati y’Intara n’iyindi

Nta bitomoye naronse

Ni nde vyerekeye?

Abanyeshure bipfuza kwimurirwa mw’ishure riri mu yindi Ntara batavukamwo canke bipfuza kusubizwa mw’ishure rya Reta bari bararivuyemwo

Ikiringo c’ukwihweza iminsi iri hagati ya 20 na 30

Amafaranga yo kuriha Nta mafaranga

Ikibanza bishikirizwamwo Umunyamabanga w'Umushikiranganji w'Indero n'Amashure y'Imyuga

Igisabwa mu biringo 4

1. Kwandikira Umushikiranganji w’Indero umusaba guhindurirwa canke gusubizwa mw’ishure, ugatanga amashure 3 bagutoreramwo
2. Urongerako izindi mpapuro zisabwa
3. Italiki ntarengwa yo kuba washikanye dosiye (ukwezi kumwe imbere y’uk amashure atangura) iramenyeshwa mu nsamirizi; gushikana dosiye ku munyamabanga w’Umushikiranganji imbere y’iyo taliki ntarengwa. Umunyamabanga w’Umushikiranganji arasuzuma ko dosiye ikwije ibisabwa, akayandika mu gitabo hanyuma akatanga urwandiko rwameza ko yayakiriye. Umurwi wo kwihweza amadosiye y’abasavye urashirwaho hasigaye ukwezi kumwe ngo amashure atangure
4. Urutonde rw’abanyeshure bemerewe ruramanikwa n’umurwi ku mshure

Inzandiko zisabwa

Ku vyerekeye/biraba ikete ry’uguhindurirwa intara

  1. Ikete ry’ugusaba guhindurirwa rirungikirwa Umushikiranganji w’Inderou rikerekana amashure 3 bagutoreramwo
  2. Ikopi y’urutonde rw’amanota y’umwaka wanyuma

1. Ikete ry’ugusaba gusubizwa mw’ishure rirungikirwa Umushikiranganji w’Indero rikerekana amashure 3 bagutoreramwo kandi bikenewe ugashirako urwandiko rusigura igituma wahagaritwe ishure
2. Ikopi y’urutonde rw’amanota y’umwaka wa nyuma wize naho woba utawurangije
3. Urwandiko rw’uko uri mw’ishure
4. Urwandiko rw’uko utigeze usubiramwo umwaka
5. Urwandiko rw’uko ataco wishuzwa n’ishure
(Izo nzandiko zitatu zitangwa n’Umuyobozi w’Ishure wigako mu mwaka waharitse kwiga)

Idosiye ntikwiye canke irafisemwo amahinyu mubivugwa mu zandiko
Nta kilasi kiri mw'shure canke igisata casabwe
Shikira Umurwi wabitunganije uwubaze imvo zukwankirwa
Baza Umunyamabanga w'Umushikiranganji ikibanza Umurwi w'uyo mwaka ukoreramwo
Itegeko ry'Umukuru w'Igihugu inomero 100/38 ryo kuwa 16 Ruhuhuma umwaka w'i 2016 rishinga itunganywa ry'imirimo y'Umushikiranganji bw'Indero (Itegeko ryo kwa Prezida inomero 100/38 ryo kuwa 16 Ruhuhuma umwaka wa 2006 rishinga imirimo n'itunganywa ry'Ubushikiranganji bw'Indero, Inyigisho Kaminuza n'Ubushakashatsi)
Itegeko Nshikiranganji inomero 630/1212 ryo kuwa 22 Mukakaro umwaka wa 2014 rigena Umurwi ujejwe guha ibibanza abanyeshule batoye ikibazo ca Reta, ikibazo c'abahejeje umwaka w'icumi hamwe n'ukwinjiza bushasha no guhindurira ishure abo mu mashule yisumbuye, Umwaka wa 2014
Itegeko Nshikiranganji inomero 620/626 ryo kuwa 08 Rusama umwaka wa 2012 risubiramwo Itegeko Nshikiranganji inomero 620/150 ryo kuwa 17 Ndamukiza umwaka 1990 ritunganya inyigisho z'amashule yisumbuye, inyigisho zerekeye isuzuma n'ivyokwisungwa mu kugira umunyeshule yimukire mw'ishule rikurikira, adubuzwe be n'ukuronswa impapuro z'umutsindo
Urwandiko ruherekeza Itegeko Nshikiranganji inomero 620/1212 ryo kuwa 22 Mukakaro umwaka wa 2014 rigena Umurwi ujejwe guha ibibanza abanyeshule batoye ikibazo ca Reta, ikibazo c'abahejeje umwaka w'icumi hamwe n'ukwinjiza bushasha no guhindurira ishure abo mu mashule yisumbuye, umwaka wa 2014