Kubamenya neza

Uwo wese

Inzandiko/Ubwenegihugu

Uruhusha rwo kugendesha umuduga

Uruhusha rwo kugendesha umuduga ruronkwa mu biringo bibiri : Iyo umaze kuronka iseritifika uhabwa n’Ishule ryigisha kugendesha umuduga, uwusaba uruhusha aca ahabwa ikibazo ku biri mu gitabo c’amategeko agenga amabarabara kugira ngo aronke urhusha mfatakibanza. Inyuma y’amezi atatu, niho ahamagarwa gukora ikibazo c’ukugendesha umuduga kugira aronke uruhusha nyezina.

Uruhusha mfatakibanza kubagendesha amapikipiki rufise ikiringo c’amezi atatu. Urw’abagendesha umuduga rumara amezi atandatu. Iyo rurenze ico gihe, rurashobora kwongererezwa ico kiringo rimwe gusa.

Ni nde vyerekeye?

Le permis est régulé par une limite d’âge : 18 ans pour les catégories A et B (motos et véhicules de moins de 8 places) ; 21 ans pour les minibus de 30 passagers ; 23 ans pour les gros engins.

Ikiringo c’ukwihweza Iminsi 3

Amafaranga yo kuriha 20 000 FBU/100 000 FBU

Ikibanza bishikirizwamwo Ibiro rudende wy'Intara/ Ibiro vy'Igipolisi kijejwe amabarabara

Igisabwa mu biringo 5

Demande initiale de permis :

  1. Gukurikira inyigisho zo kugendesha umuduga kugira uronke iseritifika yuko wamenye ivyigwa.
  2. Gushika ku Biro vy’Igipolisi kijejwe amabarabara kugira wiyandikishe ngo ubazwe ibiri mu gitabo c’amategeko y’ibarabara bikakuronsa uruhusha rw’imfatakibanza. Uca utanga impapuro zisabwa, ukarihira aho nyene amafaranga 20 000  vy’ukwiyandikisha.
  3. Urahabwa isango ryo kuja gukora ikibazo; gitangwa ku minsi ya kabiri. Abqntu batarenga 150 nibo bakirwa ku munsi. Ikibazo kiba kiri mu gifransa canke mu Kirundi.
  4. Urutonde rw’abamenye ikibazo ruca rushirwa ahabona uwo munsi nyene w’ikibazo.
  5. Ikiringo c’amezi atatu nico gitandukanya umunsi w’ikibazo c’ukugendesha umuduga. Muri ico kiringo, uwufise uruhusha mfataibanza arrashobora kugendesha umuduga mu gihe ari kumwe n’uwufise uruhusha nyezina amaranye imyaka itatu. Uwufise uruhusha mfatakibanza ntashobora kwunguruza abantu kandi ku muduha agendesha ategerzwa kwandikako ko akiriko ariga.

 

 

  1. Après ces trois mois, revenir passer le test pratique. Présenter le permis provisoire et le dossier reconstitué lors du premier test. Payer le frais de 100 000 FBU sur place.
  2. Une fois le test passé, le permis biométrique est délivré dans les 48h.

 

  1. Se présenter à la Police Spéciale de Roulage et de Sécurité Routière avec le dossier de demande complété.
  2. Effectuer le paiement sur place.

Inzandiko zisabwa

Permis provisoire

  1. Ikopi ya seritifika yaronse mw’ishule ryigisha kugendesha umuduga
  2. Urwandiko rwemeza ko afise amagara meza
  3. Ikopi y’ikimurangaPhotocopie d’un document d’identité
  4. Amafoto abiri magufi
  5. Amafaranga 20 000 y’ukwiyandikisha kuzokora ikibazo ku mategeko y’ibarabara
  1. Uruhusha mfatakibanza
  2. Idosiye isabwa kuwusaba uruhusha mfataibanza
  3. Amafaranga 100 000 vu’ukwiyandikisha gukora ikibazo c’ukugendesha umuduga be n’ugutera ibikumu vy’ukuronka uruhusha mu buhinga bwa none
  1. Uruhusha ruhindurwa be n’ikopi yarwo
  2. Urwandiko rwemeza ko warutaye canke warwibwe mu kibanza c’ukurwerekana
  3. Amafaranga 100 000 kuwurondera urundi ruhusha rwo mu buhinga bwa none

 

Iyo warwimwe canke witwaye kubera imvo z'amagara, bisunga ingingo y'umuganga canke y'umushikiranganji.
Itegeko inomero100/276 ryo kuwa 27 Nyakanga 2007 ritunganya Igipolisi c'Igihugu
Ibwirizwa inomero 1/023 ryo kuwa 31 Kigarama 2004 ritunganya igipolisi c'igihugu
Itegeko inomero 100/321 ryo kuwa 20 Munyonyo 2007 rihindura itegeko inomero 100/276 ryo kuwa 27 Nyakanga 2007 ritunganya Ubuyobozi Bukuru bw'Igipolisi c'Igihugu
Itegeko inomero 100/18 ryo kuwa 17 ruhuhuma 2009
Itegeko inomero 100/298 ryo kuwa 21 Munyonyo 2011
Ibwirizwa inomero 1°/26 ryo kuwa 23 Munyonyo 2012 rishiraho Igitabo c'Amategeko agenga ibarabara