Kubamenya neza

Umuhinga, Uwo wese

Inyigisho

Uruhusha rwo gutanguza Ishule ryigenga

Mu gikorwa co gushigikira Leta muri Politike y’Indero y’urwaruka, igisata c’Abigenga kirubaka amashule kandi kikayitunganiriza cisunze amategeko y’Ubushikiranganji bujejwe indero. Nico gituma rero hubakwa amashule yakira abana n’urwaruka ku ngero zose z’inyigisho, kuva ku mashule y’intango gushika muri kaminuza

Ni nde vyerekeye?

Abateza imbere amashule yigenga

Ikiringo c’ukwihweza Amezi 9 n’imiburiburi

Amafaranga yo kuriha Ku buntu

Ikibanza bishikirizwamwo Ku Biro vy'Umushikiranganji

Igisabwa mu biringo 2

  1. Gutegekanya ibisabwa vyose kugira ishure rugururwe,
  2. Gutegura urwandiko rw’ugusaba ukarushikana ku Biro vy’Umushikiranganji

Inzandiko zisabwa

  1. Ikete ry’Ugusaba kwugurura ishule (rirungikwa imbere y’italiki 31 Kigarama,
  2. Dosiye ikwiye iraba ibisabwa n’amategeko (ivy’inyubakwa, abigisha, ibikoresho, …)