Ikarata idasanzwe ya CEPGL ni urwandiko rw’inzira rusabwa umuntu wese aba mu Burundi agiye hanze y’imbibe z’igihugu, kugira ngo aje mu bihugu bigize Umuryango wa CEPGL (Repuburika ya Kongo no mu Rwanda). Ubwenegihugu si bwo bushirwa imbere mu kuronswa iyo karata
Ku benegihugu: ikarata imara ikiringo c’umwaka umwe
Ku banyamahanga baba mu Burundi: ikarata imara ikiringo c’amezi 3
Ikiringo c’ukwihweza iminsi 3
Amafaranga yo kuriha 18000 FBU
Ikibanza bishikirizwamwo Ibiro bimwe rudende vy'intara/ Komisariya Nkuru ijejwe abinjira n'abasohoka ku mbibe i Bujumbura
1. Gushika aho batangira ibisabwa (Komisariya nkuru ijejwe abinjira n’abasohoka ku mbibe/ Ibiro bimwe rudende) witwaje ibisabwa vyose
2. Uruzuriza aho nyene ifishi y’ugusaba. Iyo bikugora kuyuzuza, hariho uwubigufashamwo.
3. Gutanga idosiye kugira ngo yandikwe hanyuma ugashira umukono ku rupapuro rwemeza ko washikirije idosiye y’ugusaba
4. Ugenda kuriha ku biro vya BANCOBU biri ku Biro bimwe rudende canke biri kuri Komisariya Nkuru
5. Werekana urwandiko rwemeza ko warishe kugira bace bagufotora
6. Urakura amarori, inkofero n’ico cose gifuka imishatsi
7. Baca baguha isango ryo kugaruka inyuma y’iminsi 3 itarengwa kugira utore ikarata yawe ya CEPGL
*Idosiye ziva mu Biro bimwe rudende vyo mu ntara zirungikwa rimwe mu ndwi, ikiringo c’ukurindira idosiye zimaze kurungikwa akaba ari iminsi 3.
1. ifoto imwe ngufi yafatiwe aho inyuma yawe haba hera
2. ikopi y’Ikarata karangamuntu
3. Urwandiko rudondora umuntu
4. Urwandiko wemeza aho usanzwe uba
5. Urwandiko rwerekana akazi ukora (urwandiko rwemeza ko uri mu kazi igihe uri umukozi wa Reta)
1. Igitabo c’inzira kirimwo uruhusha rwo kuba mu Burundi (atari musi y’imyaka 2) mu kibanza c’icemezo c’ubwenegihugu
1. Ifoto imwe ngufi
2. Iyimuriro ry’urwandiko rwemeza amavuka
3. Uruhusha rw’abavyeyi rw’ugufata urugendo washizweko umukono w’uwujejwe kwemeza n’ugushingura inzandiko, ikopi z’Ikarata karangamuntu z’abavyeyi canke z’abarezi